Abitoreza kuba umukuru w'igihugu ca Kongo
MARTIN FAYULU
Umugambwe wita kubanyagihugu n'iterambere, ECIDE
Ari mw'idini ry'aba Kristu
Azwi nk'"umusirikare w'abanyagihugu" ku kuntu yatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila
Yakoreye ishirahamwe Exxon Mobil imyaka 20, aja mu zabukuru mu 2003 ari umuyobozi mukuru w'ibiro biri muri Ethiopia
Yatorewe kuba umushingamateka mu 2006 no mu 2011
Yatanguje umugambwe uharanira inyungu z'abanyagihugu n'iterambere (ECIDE) mu 2009"
EMMANUEL RAMAZANI SHADARY
Front Commun pour le Congo (FCC)
Yavutse itariki 29/11/1960, I Kasongo mu buseruko bwa Kongo
Amaze igihe kinini akorana vya hafi na Prezida Kabila
Yabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu 2016
Yafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya rimwagiriza guhohotera abantu bari mu myiyerekano
Bivugwa ko ari umuntu atagira ikinya, bimuviramwo gutazirwa Ndabishikana""
FELIX TSHILOMBO TSHISEKEDI
Umoja wa Demokrasia na Maendeleo ya Jamii (UDPS)
Yavukiye i Kinshasa itariki 13/06/1963
Yataziriwe Fatshi, rivuye mu mazina yiwe atatu Felix Antoine Tshilombo
Se yatanguje umugambwe UDPS mu 1982
Yagiye kuba mu Bubirigi mu 1985
Yize ivy'ubudandanji no kurondeza ivyashara
Yabaye umukuru wa UDPS mu kwa gatatu 2018
Kurwanya ubukene nivyo yashize imbere muri politike yiwe"